Intara ya Bujumbura irimwo umurwa w'ubudandaji, ibice biwukikije n'uburengero bw'igihugu (izahoze ari intara za Bujumbura Mairie, Bujumbura Rural, Bubanza na Cibitoke). Ni ho ama ambasade, ama konsila, amabanki n'amashirahamwe mpuzamakungu menshi ari – ni co gituma ingendo nyinshi zo kwemeza inyandiko zibera ngaho.
Hagati mu gihugu, intara ya Gitega ikikuje umurwa mukuru wa politike ikaba irimwo izahoze ari intara za Gitega, Karusi, Muramvya na Mwaro. Inzego nyinshi za Leta zimukiyeyo, ni co gituma ari ahantu hahambaye ku ngendo z'ubutegetsi.
Mu buseruko, ku mbibe na Tanzaniya, intara ya Buhumuza (icicaro i Cankuzo) irimwo izahoze ari intara za Cankuzo, Muyinga na Ruyigi. Dufasha cane cane imiryango n'abatahutse mu nyandiko z'irangamimerere, ubwenegihugu no guhurira hamwe kw'imiryango.
Intara nini kuruta izindi mu gihugu, Burunga iri mu bumanuko, kuva ku kiyaga Tanganyika gushika ku mbibe na Tanzaniya. Ifise icicaro i Makamba, ikaba irimwo izahoze ari intara za Bururi, Makamba na Rutana hamwe na Rumonge, igisagara cayo kinini.